Burundi: Vyinshi kuri kahise ka Pierre Buyoya yashengeye ku myaka 71
18 Ukw'icumi na kabiri 2020
Majoro Petero Buyoya yashengeye ku myaka 71, yari mu basirikare bakuru b'icahoze ari igisirikare c'Uburundi kizwi nka FAB (Forces Armées Burundaises).
Yashitse ubwa mbere ku butegetsi mu 1987, atembagaje ubutegetsi bwa Perezida Jean-Baptiste Bagaza na we nyene yari yashitse ku butegetsi abanje gutembagaza ubutegetsi bwa Michel Micombero mu 1976.
Mu myaka itandatu ubutegetsi bwiwe bwamaze, bwibukirwa ku bintu bitari bike vyahinduye isura y'igihugu, nk'ubwicanyi bwa Ntega-Marangara mu 1988, amasezerano y'ubumwe bw'abarundi yemejwe mu 1991, umuzo w'intwaro ishingiye ku migambwe myinshi mu 1993, n'ibindi.
Yagiye kuva ku butegetsi mu 1993 atsinzwe mu matora ya mbere ashingiye ku migambwe myinshi kuva mu myaka ya 1960. Ico gihe, Prezida Melchior Ndadaye wo mu mugambwe Frodebu ni we yatahukanye intsinzi y'amajwi arenga 65% na yo Pierre Buyoya yari yitoje kw'izina ry'umugambwe Uprona aronka amajwi yababa 33%.
Buyoya yasubiye kugaruka ku butegetsi mu kwezi kw'indwi 1996, asubiriye kandi gutembagaza ubutegetsi bwa Prezida mfatakibanza Sylvestre Ntibantunganya, uyu na we akaba yari yasubiriye Cyprien Ntaryamira yaheruka guhitanwa n'isanganya ry'indege i Kigali mu Rwanda ari kumwe na mugenzi we Gen Juvénal Habyarimana.
Prezida Ntaryamira yari amaze amezi abiri ashikirijwe ayo mabanga, inyuma y'igandagurwa rya Prezida Ndadaye.
Igandagurwa rya Prezida Ndadaye ryatumye igihugu cinjira mu ntambara yari ifise isura y'ubwoko, hagati y'abahutu n'abatutsi.
Vyabaye ngombwa ko Perezida Buyoya aganira n'abariko bararwanya reta, mu biganiro vyamaze imyaka ibiri kuva mu 1998 gushika bashike ku masezerano y'amahoro yateweko igikumu mu kwezi kw'umunani 2000.
Kuva ico gihe, Prezida Buyoya yaciye yemezwa kurongora igice ca mbere c'intwaro mfatakibanza categekanywa n'amasezerano y'amahoro ya Arusha, maze aza kuva ku butegetsi mu 2003 abishije Prezida Domitien Ndayizeye.
Amaze kuva ku butegetsi inyuma y'amasezerano y'amahoro ya Arusha, Buyoya yari afise ikibanza mu nama nkenguzamateka ubuzima bwiwe bwose nk'uko vyategekanywa n'amasezerano ya Arusha.
Mu mwaka wa 2008, yagenwe kurongora umurwi w'intumwa za ONU zari zirungitswe muri Tchad mu ntumbero yo gutorera umuti icuka kibi cari hagati y'ico gihugu n'igihugu kibanyi ca Sudani.
Mu kwa mbere 2013, niho Prezida Buyoya yasubira akagenwa n'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika kuwuserukira nk'intumwa idasanzwe muri Mali no mu karere ka Sahel.
Mu 2014, yashatse kwitoza ngo arongore ishirahamwe ry'ibihugu bivuga ururimi rw'igifaransa, kandi ico gihe reta y'Uburundi yaramushigikiye kuko imigenderanire yari ikiri myiza.
Ibintu vyagiye guhinduka kuva mu 2015, igihe haduka mu Burundi indyane za politike zishingiye ku ngingo y'uwahoze ari umukuru w'igihugu, nyakwigendera Perezida Petero Nkurunziza, yo kwitoreza ikiringo kigira gatatu c'umukuru w'igihugu.
Ico gihe, abatavuga rumwe n'ubutegetsi bavuga ko giteye kubiri n'amategeko, ariko Perezida Nkurunziza n'umugambwe wiwe CNDD-FDD, bobo bavuga ko ico kiringo cubahirije ibwirizwa shingiro.
Kuri ico kiringo Buyoya yari yavuze ko amasezerano ya Arusha atomoye, ko ibiringo ari bibiri gusa.
Kuva ico gihe, imigenderanire hagati yiwe n'ubutegetsi yaciye itosekara, akaba atasubiriye guhonyoza ikirenge mu Burundi.
Mu mpera z'umwaka wa 2018, Buyoya yashizwe ku rutonde rw'abantu 17 baronderwa n'ubutungane bw'Uburundi bagirizwa kugira uruhara mw'igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye.
Buyoya ntavyo yari yiteze kuko yabona ko amasezerano ya Arusha amukingira, aho yamenyesha ko ikibazo c'iyicwa rya Ndadaye gitegerezwa gutorerwa inyishu biciye mu murwi wo kumenya ukuri no kurekuriranira. Wewe rero yabona ko rwari urubanza rushingiye kuri politike.
Mbere yaranagabishije ko rushobora gutuma hasubira kwaduka amacakubiri y'amoko mu gihugu.
Ivyo ntivyabujije ubutungane bw'Uburundi kumucira umunyorororo wo guherayo, mu kwezi kw'icumi, we n'abo bagirizwa hamwe urupfu rwa Prezida Melchior Ndadaye.
ncG1vNJzZmivp6x7o67CZ5qopV%2BcrqnB2ZpmmqWRoMKzwYxubGxtaWyCcw%3D%3D